Lyrics: Sat-B - Iwacu

Hommy !! Hommy !! Muntu ugana iwacu
Reka nkutume hariya kwa Mama
Umubwire yuko mukumbuye
iyo mwibutse Oooh ndasarara.
Hommy !! hommy!! Muntu uja I Burundi
Ukagera hariya I Bujumbura,
kumayira abiri ,
Uti ndabakumbuye,
igihe kazoza tubonane !!
Uti nanse kubona nicwa n’inzara
nanse kubona Mama yicwa n’inzara,
Hageze igihe akazi karabura,
kuko Abonse rimwe bashamiranye
Layla  akarira akarira, akabura ikimuhoza
Kubwo kubura ico muha.
* Hariya iwacu kuri ya misozi 
“iwacu ndahakumbuye”
*Mfise intuntu yo gusubirayo 
“abiwacu ndabakumbuye”
*Hariya iwacu kuri ca kiyaga 
“iwacu ndahakumbuye”
*mfise intuntu yogusubirayo 
“Ab’iwacu ndabakumbuye
 “(#Leyla) papa je t aime uzoza ryari kumbuye kumbuye “
P2: Harya ubuto butegurira ubusaza,
Inkoni nzokwitwaza mu butama,
ni ngombwa Ndayice nkiri muto,
sije nabizanye !
Tuvukira mu bibazo,
Tukongera tukabikuriramwo
Kuko tuzira ivyo tutazi
bigatuma tutabona imbere
Ooooh!! Oooh!!  MANA!!!
Ehe amagara yarankitse
Mu mahanga muc’abandi,
Ibibi burya bibaho
no kwihangana bikabaho
Ariko uri iwanyu biroroha
ukihanganira vyose.
Ref:* hariya iwacu kuri ya misozi 
“iwacu ndahakumbuye”
*Mfise intuntu yo gusubirayo 
“abiwacu ndabakumbuye”
*Hariya iwacu kuri ca kiyaga 
“iwacu ndahakumbuye”
*mfise intuntu yogusubirayo 
“Ab’iwacu ndabakumbuye

Share on Google Plus

About Unknown

0 commentaires:

Enregistrer un commentaire